Kamenge : Umugabo n’umugore bagandaguwe barashwe

0

NJEJE Désiré n’umupfasoni wiwe KAKUNZE Justine bagandaguwe barashwe ku mugoroba wo kuri uwu wa kabiri, nk’igihe c’isaha cumi na zibiri. Ababishe babasanze kuri gare du Nord mu Kamenge.

njeje

Désiré NJEJE yahora ariwe arongoye Station TOP ONE ni umuvukanyi wa Emmanuel NJEJE yahora arongoye sentare ntahinyuzwa.
Abagandaguye uwo mugabo n’umugore babasanze kuri Gare du Nord mu Kamenge, mu nzu y’ubudandaji yakoreramwo Justine KAKUNZE, umupfasoni wa NJEJE Désiré, aho akaba ari mu gihe bariko barasozera akazi kugira batahe mu Ngagara aho basanzwe baba.

femme

NJEJE Désiré na Justine KAKUNZE basize abana babiri, umwe w’imyaka itatu, uwundi w’amezi cumi.

nje