Kamenge: Abantu 8 barakomeretse Mu Gitero Ca Grenade.

0

Ejo ku musi wa mungu itariki 21 Rusama haratewe iyindi Grenade muri Zone ya Kamenge mu Gisagara ca Bujumbura.

Hari mu masaha y’ijoro isaha zitatu zijoro aho haterwa I grenade n’umuntu atazwi muri quartier Gikizi ya Zone ya Kamenge ya Commune Ntahangwa Mu gisagara ca Bujumbura. Iyo Grenade yaturikiye hafi cane ku metero nkeya hafi y’umuhana wa Chef de Zone Kamenge,HAKIZIMANA Esperance.

HAKIZIMANA Esperance abona ko ariwe yaronderwa n’uwo yateye iyo Grenade. Aho iyo grenade yaterwa, HAKIZIMANA Esperance yari atashe akaba ariko azimama abashitsi biwe.

Iyo grenade ikaba yakomerekeje abantu 8 harimwo umukenyezi, asanzwe adandaza ibigori vyokeje hamwe n’abana batatu, nkuko Umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi Pierre Nkurikiye abivuga.

Iyo Grenade ikaba yarimvye ku muryango w’urupangu rwa chef de Zone Kamenge hama imodoka y’umushitsi yari yaje kumutemberera irononekara.

Umuvugizi w’igipolisi avuga ko amatohoza yatanguye kugira hamenyekane uwateye iyo grenade hama ashengezwe mu butungane.

Ababanyi ba HAKIZIMANA Esperance basaba REGIDESO Ko yoterera umuti ikibazo c’amatara aguma acikagurika kuko inkozi z’ibibi zikika mu mwijima mu gukora ayo mabi.