Umuririmvyikazi w’Umurundi ashoboye cane kuririmba aba hano muri Leta zunze ubumwe za America ” Kabura Witness ” aramenyesha abarundi bose aho bava bakagera ko ” Album yiwe nsha ya Kabiri yahaye izina rya ” Ni Neema ” ko ubu iza iri kumugaragaro , ubwo rero ng’uwuyikeneye wese ngw’ashobora kuyironka kuburyo buzimbutse cane.
Nkuko uno muririmvyikazi yabitangarije ikinyamakuru ca Mbere c’abarundi gikorera hano muri Leta zunze ubumwe za America ” UBM News ” , ubwiwe yavuze ko ino Album ko ari iyakabiri kandi ko kuyironka ari muburyo buzimbutse.
Witness yagize ati : Iyi ni Album yanje yakabiri yitwa ” Ni Neema ” ubwo nkaba ndipfuje yuko mwomenyesha abanwanyi bose ko iza yarasohotse guhera muri ” July 11th, 2014 ” ikindi naco kuwoba ayishaka arashoboye kunterefona kunamba yanje ni 210-291-4952. CD imwe kandi ni amahera $10. murakoze.
Recent Comments