Justway yaraye ashize ahabona indirimbo yitwa SINA CHUKI NA WEWE.

0

Umuririmvyi w’umurundi Justway yaraye ashize ahabona indirimbo nshasha,indirimbo yitwa SINA CHUKI NA WEWE nkuko yabimenyesheje ikinyamakuru canyu ubmnews.com mu kiganiro twagiranye n’uyo muririmvyi ahari mu ntara ya Makamba muri kino gihe.
JUSTWAY
Nkuko uyo muririmvyi yabitumenyesheje akaba yatumenyesheje ko iyo ndirimbo yiwe nshasha yikorereye mu nzu ihinyanyura umuziki yitwa ANTIVIRUS Records isanzwe ihinyanyuriramwo umuhinyanuzi yitwa Peter Sosi, uyo muhinyanyuzi akaba asanzwe akorera i nyanza lac.
WAY
Twobamenyeshako Justway ari umuririmvyi yamenyekanye cane kubera indirimbo UBUTEGETSI TUNYOTEWE na TUBEMEZE.