Joseph NIKOBAHOZE arapfunzwe yagirizwa gushaka kuja mu mirwi irwana

0

Umunyeshure yiga muri kaminuza y’Uburundi mu gisata cigisha ibijanye no kwigisha ururimi rw’icongereza ari kumwe n’abandi batatu,apfungiwe mu gasho ka Komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura.

Joseph NIKOBAHOZE nabo bapfunganywe,bahagaritswe kuwa kabiri igenekerezo rya 16 Nzero 2017, bagirizwa gushaka kwinjira mu murwi w’abarwanyi b’umuhari FNL urongowe na Aloys NZABAMPEMA.

Imiryango n’incuti z’abo bapfunzwe bavuga ko bafise amakenga ku babo,kuko ivyo babagiriza bidafise ishingiro.
Joseph NIKOBAHOZE yari asanzwe yiga mu mwaka wa gatatu mu gisata cigisha ubuhinga bwo kwigisha ururimi rw’icongereza.