UBM News ads

Jewe ndi Intumwa y’Imana yatumye kuyobora uburundi-Evariste Ndayishimiye.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

“Jewe si ndi prezida wanyu,si ndi umwami,ndi intumwa y’Imana yatumye kuyobora uburundi”.Bishikirizwa na Prezida Evariste Ndayishimiye aho yemeza ko ari indongozi y’igihugu iciye bugufi kandi yahaye iki0banza ca mbere Imana.

Mu gisabisho c’akavunamusase”National Prayer breakfast” co kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 31 Ndamukiza 2025 cabereye mu kigo c’inama nshingamateka,Prezida Evariste Ndayishimiye yamenyesheje ko Imana ariyo ifata ikibanza ca mbere mu gihugu mbere uhereye no kungoma z’abami.

Mu kugaragaza ikimenyetso co guca Bugufi,Ndayishimiye avuga ko atariwe ari prezida,si n’umwami ahubwo n’intumwa y’Imana yatumye kuyobora uburundi.

Ikindi nuko Prezida Ndayishimiye yatanze ibintu 4 vyotuma abarundi barema kuko imbere ari heza:

1.Imana yariyeretse abarundi kuko yabakuye kure

2.Imana yaduhaye igihugu c’amata n’ubuki gifise ubutunzi kama bwinshi

3.abarundi ubu bafatanye mu nda.

4 imbona kazoza ya 2040 igihugu cifashe na 20260 igihugu gikize.

Prezida Evariste Ndayishimiye nta gihe gihera atavuze amajambo nk’aya mu kuremesha abarundi ariko ibintu bikaguma vyunyuka ibiheza bigatera abantu kwibaza ko ivyo avuga atabitegura neza canke ngo amenye ico ajejwe n’igihagararo afise mu gihugu.

Ni prezida arangwa n’amajambo menshi haba mu vyo yizeza abarundi,ariko waraba ingingo afata ukabura.

Abanyonora igihugu arabafata ntibahanwe ahubwo bakongerwa ubuzi aho guhanwa ngo bazane ivyo banyuruje abandi ibiturire vyarimonogoje ibizotuma n’iyo mbona kazoza idashoboka.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments