UBM News ads

Jean Baptiste Bagaza Mwebwe mumufata gute?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Jewe ntitaye kuvyo yagirizwa vy’ubwicanyi kuko nta Leta itica cane cane ama Leta ya Africa.

Jewe Bagaza ndamufata nk’Intwari y’Iterwmbere,
Kuko ivyo Uburundi buhagazeko vyose vyabonetse ku ntwaro yiwe!!

Uyu mutegetsi jewe nomwubakira icibutsa gikomeye kugira Abarundi Bose bazobaho baze bamenye uyu kwariwe yabaye Umushinge ukomeye mw’Iterambere ry’Uburundi!

Ivyo vy’Ubwicanyi navyo yagirizwa,yemwe na Nkurunziza harya yahekuye Abavyeyi benshi cane kuva 2009 aba FNL nibo babizi ku mugambi Safisha,kugeza 2015 hoho ntanuwovuga!! Ariko Kubera Ubutegetsi buriko abo bavyumva kumwe uyu musi yitwa Intwari!!!
Na Bagaza kirya gihe yica Abahutu hari Abo bavyumva kumwe bamwita Intwari.

Ariko ku nyungu rusangi,n’Itera mbere rusangi uyu ni Intwari ikomeye!!!

Ibintu Vyose yubatse mu myaka 11 yamaze kubutegetsi nuyu musi nivyo Uburundi bukigenderako,Eka mbere no mugisirikare,ibikoresho yaguze bikomakomeye nivyo bikihari, Abandi bose baje ari ukwiyubaka aho kwubaka Igihugu!!
Kamiza y’Uburundi yubatse,ngira n’Irangi riracari iryo bagaza yasizeko,ntawundi yongeyeko n’Ibuye!!
Amashure y’Indaro yose ni Bagaza,
Ibitaro Bikuru Bikuru ni Bagaza,
Amabarabara y’Ikaburimbo ni Bagaza,
Amahinguriro yose yahombejwe na CNDD-FDD ni bagaza,
Indege Falcon 50 aba CNDD-FDD bashitse bagurisha ni Bagaza yari yarayiguze,…Eka ni vyinshi ntawobimara!!!

We wa Muhutu we wigishijwe ko Bagaza yishe Abahutu,umenye uwakwigishije ivyo ko afise inyungu ziwe agushako. Kuko namba uba mwitongo rya so wawe,umenye ko Bagaza ariwe yatumye So wawe canke Sokuru wawe aronka Itongo!!! Niwe yakuyeho Ubuhererwa,niwe yazanye Ibigwati hariya Imbo Abaha Amatara kandi hari mu Bahutu gusa!!!

Turetse uburyarya Bagaza ni Intwari!!

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments