
Umukuru w’Igihugu w’igihe kirekire wa Gambia,Yahya Jammeh, yavuze ko azova ku butegetsi inyuma yo kwanka kwemera ko yatsinzwe mu matora ya Kigarama mu mwaka uheze.
Mw’itangazo Ryaciye kuri Televiziyo, Jammeh yavuze ko ‘bidakenewe ko hari n’ima na rimwe ry’amaraso riseseka’.
Iryo tangazo rije inyuma yamasaha atari make inyuma y’ibiganiro hagati ya Jammeh n’abahuza bo muri Afrika yo mu Burengero.Naho birukwo,nta makuru yiyongereye kuvyerekeye ivyashitsweko muri ivyo biganiro.

Jammeh yatsinzwe mu matora ya Kigarama 2016 nuwumusubirira wiwe Adama Barrow yamaze kurahira gutwara ico Gihugu ca Gambia muri Senegal.
Ingingo ya Jammeh yo kuva ku Butegetsi yaje habanje kuba ibiganiro n’abakuru b’ibihugu ba Guinee na Mauritanie.
Recent Comments