Jammeh Yasize Gambia Igaragara mu vy’Ubutunzi

1

Umuhanuzi mukuru w’Umukuru w’Igihugu ca Gambia Adama Barrow yavuze ko amfaranga arenga imiliyoni 11 yamadolari yamanyamerika yibwe mu kigega ca leta ya Gambia inyuma yahoo uwahora atwara ico Gihugu Yahya Jammeh aviriye kubutegetsi .

Mia Ahmad Fatty yabwiye abanditsi nabamenyeshamakuru kumurwa mukuru wa Senegal Dakar ko Abahinga mubijanye n’amafaranga bariko bararaba igitigiri c’amafaranga yoba yazimiye.
Yavuze ko Gambia ubu ifise ikibazo c’Ubutunzi kuko ikigega ca Gambia gisa nikigaragara.

Ubu Umukuru wico Gihugu Adama Barrow ariko akorana nabahinga mubijanya namahera nabandi b’ibanki nkuru y’igihugu kugira amenye amahera asigaye.

Amakuru avuga ko imodoka zigezweho n’ubundi butunzi vyabonekanye biriko bipakirwa mundege itwara ibintu ya Chad kubwa Jammeh umusi yavira kubutegetsi.Mukamenya ko yatse ubuhungiro mu gihuguca Guinne Equatoriale.

Abanyagihugu ba Gambia baranezerejwe nuko Jammeh yavuye kubutegetsi

Abantu ibihumbi bari bakoranye kukirimba c’umukuru w’igihugu kugira bitegereze ingene abasoda ba Senegal binjira kugira bashireho umutekano kugira Adama Barrow agaruke.

Umukuru wigihugu Barrow aracari muri Senegal kandi ntibiramenyekana ngo azosubira ryari muri Gambia.
Yavuze ko azosubira mugihugu hamaze kuboneka ko umutekano wiwe ukwiye.

1 COMMENT

  1. I simply want to tell you that I’m very new to blogging and definitely liked your blog. Most likely I’m going to bookmark your blog post . You surely have remarkable posts. Appreciate it for sharing your website page.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here