Jacques BIGIRIMANA yemeza ko mu Burundi hari Reta y’Ubumwe

0

Inyuma y’umubonano hagati y’umuhuza mu matati y’abarundi n’abarongoye imigambwe,umukuru w’umugambwe FNL wemewe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu Jacques BIGIRIMA amenyesha ko mu Burundi ata yindi Reta y’Ubumwe ikenewe kuko iyihari ari Reta y’Ubumwe.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuwa gatanu igenekerezo rya 20 Nzero 2017,Jacques BIGIRIMANA amenyesha ko Reta iri mu Burundi irimwo abava mu mugambwe watsinze amatora CNDD-FDD hamwe n’abava mu yindi migambwe.

Ku bijanye n’ibiganiro bihuza abarundi,Jacques BIGIRIMANA amenyesha ko umuhuza w’abarundi Benjamin Mkapa yatanze ivyo bazokwigako mu mubonano ukurikira mu ndwi zibiri ziri imbere.

Umukuru w’umugambwe FNL amenyesha ko mu bizokwigwa ari ikibazo c’iyubahirizwa ry’amasezerano ya Arusha,ikibazo c’abapfungiwe ivya politike,ikibazo c’impunzi z’abarundi n’ibindi.