Jabe: Ntawusohoka ntawinjira

0

Muri Quartier ya Jabe iri muri komine Mukaza abanyagihugu bahaba canke abandi bahakorera imirimo ya misi yose ntawinjira; ntawusohoka kubera amabarabara yose makuru na mato mato  yuzuyemwo aba polisi benshi badashobora kwemerera abantu kwinjira ariko haguma hazuguruka indani imiduga y’igipolisi naza rusahabaniha (Ambulance). Amakuru yandi ngo nuko bariko barabasopa.

CFczMKmVIAAERfs

Nkuko twashoboye kuzunguruka iyo quartier yose kugira bikunde ironke aho yinjirira aba polisi ntibadukundiye.

Mwomenya kejo mw’ijoro igihe  isaha imwe(19h) gushika mu gatondo hari hakivuga amasase y’urutavanako mu gitero bagize aba polisi muriyo quartier .Amakuru twarose avuga ko hapfuye abapolisi 4 haturirwa imiduga 2.

Gushika nubu ntituramenya abapfuye n’ivyahononekariye ni mu makuru yacu yo hanyuma.