J.Louis NAHIMANA: Igikorwa co kumenya ukuri ni ic’abarundi bose

0

Umukuru w’umurwi wo kuvugana ukuri no kurekuriranira CVR,Musenyeri Jean Louis NAHIMANA amenyesha ko igikorwa co kumenya ukuri ari ic’abarundi bose,akabahamagarira kuza gushikiriza ivyo bazi kandi babonye.

Musenyeri Jean Louis NAHIMANA avuga ko hari abarundi bamwe bamwe baha igikorwa c’umurwi CVR intumbero ya politike kandi atariko kiri.Asaba abanyapolitike kudafata igikorwa c’umurwi CVR nk’igikorwa ca politike,kuko umurwi CVR uhari ku neza y’abarundi bose.

Musenyeri Jean Louis NAHIMANA amenyesha ko umurwi CVR udafise intumbero yo kubabaza bamwe,agasaba abarundi gukorera ku vyabaye kugira ibisa navyo ntibizosubire kuba mu Burundi.

Umukuru w’umurwi CVR amenyesha ko nimba akahise katabaye keza,abarundi tudategerezwa kujana uburundi bw’ejo muri izo ngorane.