UBM News ads
Sunday, December 10, 2023
No menu items!
UBM News ads

Izina rya Sat B ubu ryamaze kugera kuri Wikipedia, Niwe abaye umuririmvyi wa mbere aba mu Burundi

sat b

Umuririmvyi rurangiranwa akunzwe cane mu gihugu cose cu Burundi ” Sat- B, umuziki akora ukomeje gutuma izina ryiwe rigera kure aho kugeza ubu abaye umuririmvyi wa mbere aba mu Burundi yanditswe kuri Wikipedia.

sat-b-wiki

Hano muri America canke ahandi mu bihugu biteye imbere, iyo umuririmvyi ari umu Superstar canke se iyo amaze kubaka izina mu muziki, usanga iyo ukoze Search kuri Google baca bakuzanira wikipedia yiwe, ivyo rero akaba ari bimwe vyerekana ko umuririmvyi aba amaze gutera imbere.

Sat-wikipedia

Nubwo biruko, mu Burundi ho siko bimeze kuko umuntu ashobora kuba ari umuririmvyi akunzwe cane mu gihugu cose ariko waja kuraba ko yoba amaze kwandikwa kuri wikipedia ugasanga atawuhari, ivyo rero bikaba ari bimwe bituma abaririmvyi bacu b’abarundi batamenyekana mu makungu.

wiki-sat-b

Kumuririmvyi Sat b we siko bimeze kuko abaye umuririmvyi wa mbere wu murundi yanditswe kuri Wikipedia, ugereranije aba Star bazwi mu Burundi nka ” Big Fariouz, Kidum , Mkombozi ntanumwe murabo amazwe kwandikwa na Wikipedia.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments