UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

izi nizo mpanvu zituma abantu baguma bavuga nabi Big Fizzo ” ubwiwe asaba ko bomuvako !

UBM News ads

Mugani Desire azwi kw’izina rya Big Fizzo amaze iminsi akebura abantu biha kumwinjirira mu buzima nkaho bamujejwe aho abivuga agaragaza cane ko bitamunezera kuko buri muntu akwiriye kwigenzura we ubwiwe .

Abinyujije kurubuga rwiwe rwa Facebook amaze iminsi yandika kurukuta rwiwe amajambo agaragaza ko arimo kwiyamiriza abashaka kumwinjirira mu buzima uko bigombeye, gusa akavugako buri wese ariwe ubwiwe wicunga kandi ko ivyo Atari vyiza ko umuntu yananirwa kwigenzura akabona igihe co kwirirwa agenzura abandi.

3

Kw’igenekerezo rya 22 uku kwezi kwa mbere Fizzo akoresheje amajambo yanditse mu rurimi rw’icongereza yagize ati:What doesn’t kill me ,only makes me stronger. So if u plan to hurt me, make sure u kill me or I’ll be come in back for u. ……ugenekereje hano ico yagomvye kuvuga mu Kirundi wavuga ko yavuzeko ugambirira kumugirira nabi aba amwongereza inguvu zo kubandanya gutera imbere .

Uyu munsi kw’igenekerezo rya 28 Fizzo yasubiriye kwandika kurukuta rwa Facebook yiwe aya majambo ati:Don’t mix between my personality and my attitude because my personality is ME. . and my attitude depends on YOU. Mu Kirundi yagomvye kuvuga ko yabwiraga umuntu ko atagomba kwivanga mu buzima bwiwe kuko buri wese arimenya kandi imibereho yiwe ntawe uyijejwe

Ese nukubera iki uyu muririmvyi yandika gutya kurubuga rwa Facebook yiwe? Imvo zibitera nuko uyu muririmvyi akunzwe kuvugwako ibintu vyinshi umwanya ku mwanya , vyoba ibiri ukuri canke ibinyoma. Ariko ntitwokwirengagiza ko nawe akwiriye gutahura abantu kumvo zuko iyo umuntu amaze kuba umu Star aba arebwa n’abanru bose bityo bamwe bakamuvuga bagomba kumumenyekanirako abandi bakavuga bakabiriza amakosa aba yakoze kuko nawe n’umuntu acumura nk’abandi mbere kenshi ucusanga vyinshi mubivugwa biba bifise imvo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments