Iyo umugabo atagira ijambo mu rwiwe baba baramwinjiriye.

0

Iyo umugabo atagira ijambo mu rwiwe baba baramwinjiriye , uwu niwo mugani umuntu ashobora gucira umukuru wigihugu ” Petero Nkurunziza ”, ubu Amezi abiri yatanzwe nawe kugira umutekano ube wagarutse mu Gihugu yarangiranye ni bitero vyinshi muma quartier ya Musaga ,Mutakura ,Ngagara , Kamenge ,Cibitoke ,Nyakabiga, Nahandi ! murizindwi zibiri ziheze ,Ligue Iteka iharura abantu bashika 30 bagandaguwe atacamira nabantu kugeza ubu bataramenyekana.

Peter

Quartier yama ishimwa cane numukuru wigihugu ya Kamenge nayo nyene ikaba yashikiriwe aho mumisi Ibiri habaye ibitero bibiri nyene ! Abapolisi bashika 20 nabo nyene baramaze kuhasiga ubuzima mwiyi misi 10 iheze, bivanye nibitero bimaze imisi kubirindiro bitandukanye nkuko amakuru adushikira abitumenyesha ! Ibindi bitero bikomakomeye bikaba bitegekanijwe mwiyi misi ya vuba nkuko amakuru dukura ahantu twizeye abitubwira ! abo batera ,bakaba babangamira umusirikare wigihugu hamwe numupolisi aho ari hose ,ndetse umunyagihugu bakamureka akirenganira ,maze ivyo bigatera ishavu abapolisi mukwica abanyagihugu atabigwanisho bafise kandi ababifise bagiye bababona,ndetse bakaba bageze aho bica umusazi ngo nuko afise umupanga nkuko babikoze ejo haheze muri Cibitoke kwibarabara rya 8.

Gushika nuyu musi abagaba ibitero bakaba bamaze amezi abiri yose reta ya Nkurunziza itarashobora gufata numwe canke ngo ibatuze, abarundi barayamaze bati: Wigira ikivumvu bakakuyoresha umwavu kandi Nkuko Umugabo atagira ijambo mu rugo rwiwe nabandi bagabo baca bamuharira ivomo ndetse agatangura gukumirwa kurukanywa ,nivyo vyabaye kuri Nkurunziza, Mumateka yisi nti bikunze kuba aho umugabo atumwako mumahanga gihuti huti atagishijwe inama ariko kuri Nkurunziza vyabaye bibaye kubwivyo si akagaye kuri Nkurunziza gusa ahubwo nakagaye kubarundi bose vyitwa kwaserukira!

peter

Kumusi wejo Petero Nkurunziza yaratumweko gihuti huti nubumwe bwa Burayi kandi bakaba bamuhaye imisi mike cane kugira abe yitavye maze atabikoze bakamwereka ico bikorera, Ivyo bikaba bibaye inyuma yaho aherutse gufata abo batavuga rumwe aciye kubindi bihugu ariko bikamuta kuwamazi, Abenshi ICO bibaza ni ukuntu abantu bashika 40 baronderwa nubutungane kandi bajabutse igihugu bababona ! uwutaciye kumupaka wuburundi yaciye kukibuga cindege none kuberiki yahengereye barenganye hama agaca asemerera ngo mfatira mfatira? ibibazo vyose ntanyishu bigira ariko nimba warakurikiranye ibibera mu Burundi UCA wiha inyishu kuko Iki kiringo ca gatatu kikaba kitagiye kworohera Nkurunziza Petero nabo bari kumwe bivanye nibiriko biraba nkuko bishikirizwa nabahinga muvya politike !