Akenshi nyuma yo gukora imibonano mpuzabitsina, abagore baba bashaka kuganira n’uwo baryamanye canke bakabandanya bakora iyo mibonano ariko igitangaje cane nuko abagabo bo bashimishwa no guhita basinzira bakiryamira nta kindi kintu bitayeho ku buryo hari abagore bashobora gukeka ko badakunzwe n’umugabo bari kumwe mugukora ico gikorwa.
Ikipe y’abashakashatsi b’Abafaransa yayobowe na Dr Serge Stoléru yagaragaje ko nyuma y’imibonano mpuzabitsina, ubwonko bw’abagabo buhita buhindura imipango bugakenera kuruhuka vuba bityo bigatuma umubiri w’umugabo wose uhita ukenera kuruhuka ndetse yaja mu buriri agahita asinzira.
Ibi aba bashakashatsi babigezeho nyuma yo gusuzuma ubwonko bw’abantu batandukanye mbere na nyuma yo gukora imibonano mpuzabitsina bakoresheje scanner bagasanga mu miterere y’umugabo, ibice bigize ubwonko ndetse n’ibibufasha gukora neza bihita bikenera kuruhuka nyuma y’ico gikorwa c’ivyishimo vy’umugabo abona mu mibonano mpuzabitsina.
Dr Stoléru avuga ko ubu bushakashatsi ari inzira yo kugaragariza abagore ko ugucika intege kw’abagabo ari ivya bose nyuma y’imibonano mpuzabitsina, kandi abakunze kwibaza ko ari agasuzuguro canke kudakundwa nuwo bakorana imibonano mpuzabitsina ntaho bihuriye ; nk’uko tubikesha ikinyamakuru Top Santé
Recent Comments