Iyandikwa Ry’Abatora Ihinyanyurwa Ry’Ibwirizwa Shingiro Muri Ruhuhuma 2018.

0

Iyandikwa Ry’Abatora Ihinyanyurwa Ry’Ibwirizwa Shingiro n’amatora muri rusangi ritegekanijwe kuba muri uku kwezi kwa Ruhuhuma 2018 ku magenekerezo ya 8 gushika kurya 17 Ruhuhuma 2018, niko umugwi ujejwe gutegura amatora mu Burundi CENI wamenyesheje ejo ku musi wa gatatu.

Iryo yandikwa rikaba ritegekanijwe kumara imisi cumi, kandi rikaba ritegekanijwe kubera mu turere twose tw’Uburundi, nk’uko umuvugizi wa CENI, Prosper Ntahorwamiye, yabimenyesheje. Yamenyesheje ko iryo yandikwa rizotangura isaha imwe n’iminuta 30 zo mu gatondo hanyuma rirangire isaha 11 n’iminuta 30 ku mugoraba muri iyo misi cumi yategekanijwe y’iryo yandikwa.

Ku Barundi bataba mu Burundi nabo,bashobpra kwiyandikisha muri ico kiringo nyene c’imisi cumi ku ma ambassade bakukira canke ku ma biro abaserukira ibihugu bakorera.

Ntahorwamiye yamyenyesheje ko abapolisi n’abasirikare b’igihugu basanzwe bakorera mu gihugu ca Somaliya na Centrafrique mu bijanye no kugarukana amahora bashobora kwandikwa muri ico kiringo nyene iyo bariko barangurira imirimo yabo.

Amatora ku bwo guhinyanyura ibwirizwa shingiro bikaba vyitezwe ko azoba mu kwezi kwa gatanu muri uyu mwaka wa 2018, aho ibiringo vy’umukuru w’igihugu bizohora bimara imyaka indwi indwi.