UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

ivyo babakoreye ntibisanzwe : Bazize ko bambaye impuzu zariko ibicapo vya Petero Karaveri Mbonimpa

UBM News ads

Bamwe mu bakozi b’ishirahamwe APRODH bahagaritswe nk’amasaha abiri muri komine ya Gihosha, bahagaritswe n’umuporisi atwara akarere k’Uburaruko bw’igisagara ca Bujumbura, Enock Bizimana.

Richard Nimubona ajejwe ivy’amabohero mw’ishirahamwe APRODH, hamwe na Mbonimpa Vigyène umwigeme wa Mbonimpa n’umudereva w’umuduga barimwo, bakaba bose bahagaritswe aho bari baroye kuri gare du Nord, baca bajanwa ubutarariye kuri komine ya Gihosha, aho bazize ko bambaye impuzu zariko ibicapo vya Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru w’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’akabapungwa APRODH, amaze iminsi ari mw’ibohero rikuru rya Mpimba, azira ko yavuze ibijanye n’imirwi y’abasore b’abarundi, bariko baragirira imyimenyerezo ya gisirikare mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Ku bwa bamwe mu bari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bari ngaho, batangajwe n’iyo nyifato y’uwo muporisi Enock Bizimana. Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE, avuga ko ari akamaramaza aho abantu basigaye bafatwa bariko bararengana, bagafatwa bazira impuzu bambaye kuko ziriko Petero Karaveri Mbonimpa. Avuga ko abo bari mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu bagiye kuraba abanyagihugu bariko barafwa, bazira utwo dupira bari bambaye, nabo baca bajaniranywa mu bandi. Umukuru w’ishirahamwe FOCODE asaba abarongoye urwego rw’igiporisi guhana uwo Bizimana Enock, ashobora gufata abanyagihugu bariko bararengana akabahagarika atakibagira, ata n’urupapuro na rumwe aberetse, canke ikosa bakoze ntirigaragare.

Pacifique Nininahazwe agatangazwa n’inyifato igayitse ya bamwe mu bategetsi, bashobora kwigenza nabi mu banyagihugu, bakababuza uburenganzira bwabo, babapfungira ubusa. Mwomenya ko, ukwo haca akanya ariko abanyagihugu nabo baguma bagwirirana kuri komine ya Gihosha kuraba abo bari bafashwe, co kimwe n’abarongoye amashirahamwe atandukanye nka ACAT, OLUCOME n’ayandi. Abari bafashwe bakaba baciye barekurwa, nayo uwabafashe Enock Bizimana akaba atawasubiye n’ukumukubita ijisho.

Sources : Igihe Burundi

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments