Ivyegera bishasha vy’umukuru w’igihugu biza vyamaze kumenyekana

0

Nkuko bikurwa ku rubuga rwa Twitter rw’Icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, ngo ivyegera vy’umukuru w’igihugu vyamaze kumenyekana.

nkuru6-283eb

Gaston Sindimwo yamenyekanye ko arise azoba icegera ca Mbere c’umukuru w’igihugu, ico kibanza kikaba ari ikibanza kijamwo umututsi. Nayo mu kibanza c’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu hakaba hagiye kujamwo Dr. Joseph Butore.

Ivyo bikaba bishikirijwe mu gihe umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza asubiriye kurahira imbere y’inama nshingamateka mu Kigobe ngo asubire kurongora Uburundi mu Kiringo c’Imyaka itanu izokurikira.

Dr. Joseph-Butore icegera ca Kabiri c'umukuru w'igihugu

Dr. Joseph-Butore icegera ca Kabiri c’umukuru w’igihugu