UBM News ads UBM News ads
Saturday, June 22, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Ivyashikiye umukobwa wa Gén Alain Guillaume Bunyoni biteye isoni ku gihugu c’uburundi- Marie Louise Baricako

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Marie Louise Baricako arongoye umuhari Inamahoro w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano avuga ko ivyashikiye Joy Akimana umukobwa wa Gén Alain Guillaume Bunyoni ari akamaramaza mbere biteye isoni kubarongoye igihugu c’uburundi aho umuntu ategekwa kwambura impuzu zose yambaye agasigara ari amenya,Marie Louise baricako asaba ubutungane bw’uburundi gukwirikirana abategetse umukobwa wa Gen Alain Guillaume Bunyoni kwambura impuzu zose ngo bamusake igihe yari agemuriye umuvyeyi wiwe mw’ibohero rikuru rya Gitega.N’inyuma yaho kuri uwu wa 22 rusama 2024 aho umukobwa wa Bunyoni Joy Akimana ategetswe kwambura impuzu zose kugira ashobore kubonana n’umuvyeyi wiwe igihe yari amugemuriye.


Umukobwa wa Gen Alain Guillaume Bunyoni Joy Akimana igenekerezo rya 22 rusama yaragiye kuraba umuvyeyi wiwe amugemuriye aho asanzwe apfungiwe mw’ibohero rya Gitega ntivyamworoheye kuko yategetswe kubanza kwambura impuzu zose yambaye hamwe n’agahuzu ko musi ivyamutangaje cane.kuburyo yashoboye guhamagara abajejwe ibohero rya gitega nabo bamubwira ko ariko biri ategerezwa kwemera kwambura impuzu imbere yuko yinjira akabonana na se wiwe.yaragerageje kuvugana n’uwusanze aburanira Bunyoni ariko biba impfagusa aruhira gusubira inyuma batabonanye na se wiwe nivyo yamugemuriye abisubirana inyuma.

Kubwa Marie Louise Baricako arongoye arongoye umuhari Inamahoro w’abakenyezi baharanira amahoro n’umutekano avuga ko ivyabaye ku mukobwa wa Bunyoni biteye isoni ku gihugu mbere agasaba ko ubutungane bwari bukwiye gukwirikirana abategetse ko joy akimana yamburwa impuzu zose. Agira ati:«N’akamaramaza,biteye isoni kubona umuntu ategekwa kwambura impuzu zose yambaye agasigara ari amenya.n’imbonekarimwe mu gihugu.abategetse Joy Akimana kwambura impuzu zose ngo bamusake kugira ashobore kubonana sa se wiwe bakwiye gukwirikirana mu butungane bahanwe ukwo n’ugutitura akaranga k’abarundi.»

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments