Ivya Mouhamed Rukara ngo bigoye gutahura

0

Abashikirije ko umuhuza mu Burundi ngo yoba yarahunze ngo abo bantu barabeshe, ivyo bikaba vyashikirijwe n’abajejwe gutanga amakuru mu Biro vy’umuhuza.

Rukara

Ivyo biro bikaba vyamenyesheje ko uwo mutware ngo ari mu rugendo rw’akazi rwamushikanye kuva itariki 27 mukakaro I Yamousoukro muri cote d’ivoire aho yagiye mu nama igira icenda y’abahuza muri afrika nkuko itangazo ryashizwe ahabona n’ivyo biro ribivuga.

Mouhamed Rukara ngo avuye ngaho azoca abandanya urugendo rwiwe inyuma y’umugabane wa afrika aho afise ibindi bikorwa azoba ajanywe gukorerayo.

 

Mbega ko inkuru zivuga ko yahunze azogaruka ryari kugira ivyo bivurwa bihagarare? Ubwo ntazohava agira nkabandi ko nabo bagiye mu kazi bagaca baherayo?