Israel iragabisha ko Ishobora ‘Gusambura’ Indege Zo Kwivuna Abansi za Syria

0

Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Israel Avigdor Liberman yagabishije ko Israel ishobora ‘gusambura‘ indege zo mu kirere zo kwivuna abansi za Syria mu gihe Syria yosubira kurasa ibisasu bikorora indege ku ndege za Israel.

Avugira kw’iradio ya Leta yico gihugu ca Israel uyu musi wa mungu itariki 19/03/2017, Liberman yavuze ati: “ikindi gihe Igihugu ca Syria cosubira kurasa indege zacu zo mu kirere zo kwivuna abansi, tuzoca dusambura indege zabo zose tutarinze no gutebegana”.

Ivyo Israel ibivuze mu gihe igihugu ca Syria caheruka kurasa ibisasu ku ndege zigisirikare za Israel ejo hahise ku musi wa gatanu.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Israel, Avigdor Liberman

Igisoda ca Syria cavuze ko carashe ku kibanza ca gisirikare hafi y’igisagara ca Palmyra, mu gihe Israel yoyo ivuga ko Syria yarashe indege yari itwaye ibigwanisho kurwanya umuhari ushigikiwe na Iran Hezbollah.

Syria ivuga ko yakoroye indege imwe ya Israel hama irasa niyindi, ivyo Israel yamirira kure ko ari “ikinyoma ceruye”.
Liberman amenyesha ko ‘ikibaraje ishinga cane ari uko bovana ibigwanisho bikomeye muri Syria bakabijana muri Libani’.

Abandanye avuga ko ‘igihe cose bariko batwara ibigwanisho, Israel izokora kugira ikinge ugukozanyako, kuri iki kibazo, nta kuhafyinatira’.

Imigenderanire hagati ya Syria na Israel ishobora kwononekara maze bigatuma haguma hari intureka mu karere ka Asia yo mu Buseruko bwo hagati.