Isoko yo mu Kinindo yahatswe gusha iratokombera

0

Iyindi soko yaraye ihatswe gusha iratokombera iyo abazimya umuriro batanyaruka kuwuzimya, ivyo bikaba vyabaye mw’ijoro ry’uyu wa mungu. Isoko yahatswe gutokombera niyo mu kinindo mu ruhande rusanzwe rukoreramwo abadandaza amavuta.

Nkuko bimenyerewe abantu ntibaramenya neza ico catumye iyo soko yanka, ikaba yatanguye kwaka hari igihe c’isaha zine z’ijoro ariko ukaba wagiye kuboneka igihe c’isaha zitandatu z’ijoro aho n’abazimya bahavuye bahashika.

Mwomenya ko bisa n’ivyabaye akamenyero ko amasoko yama asha ku musi wa mungu, ivyo bigatera amakenga kandi bikanatuma abantu bibaza bibao vyinshi.

Source : Indundi