UBM News ads
Friday, December 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

isi yaheze ” Pastor yafashwe ariko arasambana n’umugore w’abandi mu cumba c’amasengesho !

Umukozi w’Imana ukunzwe cane muri Nigeria ndetse akaba n’umwe mubakozi b’Imana bazwiho kwigisha ubutumwa bugafasha benshi, akanabasengera imyuka mibi y’abadayimoni ikabavamwo, uyu mu Pastor yafashwe ari gusambanya umugore w’abandi mugihe abandi bari baziko bari mu masengesho.

Uyu mukozi w’Imana ukomeye cane kumurwamukuru wa Nigeria ” Lagos ” azwi kumazina ya Adewoye niwe muyobozi mukuru w’urusengero rwa herubim and Seraphim Movement Church rukorera mubice bitandukanye kwisi hose, uyu muvugabutumwa akaba yafatiwe murugo rwe aho yararyamanye n’umwe mubagore bo mu rir’ishengero ayoboye, bakaba bari bari mucumba c’amasengesho gisanzwe kiba muri uru rugo.

Nkuko tubikesha ikinyamakuru co muri Nigeria, bavuga ko Uyu mugabo Adewoye, ko ubusanzwe ufise abana n’umugore ariko akaba yafashwe asambanya umugore w’abandi mugihe vyari bimaze iminsi bikemangwa kubera amasengesho yo mucumba akunda gukorerwa iwe murugo, bikaba vyavugwako iyo uje kuhasengera usanzwe uri umugore uhanaguye udashobora kuhava atagusambanyije.


Uno mu Pastor yasavye imbabazi ariko biba ivyubusa !

Mumasengesho basanzwe bakora muri uru rugo ngo haje kwinjiramwo umunyamakuru maze yitwaza camera yiwe nawe afatanya n’abandi gusenga, ariko we akaba yari yaje kwishakira inkuru kubisanzwe bivugwa kuri uyu muvuga butumwa, uyu munyamakuru ngo yaje kugera kuntego yiwe aho yabonye uyu mugabo nuno umugore bari kumwe bariko barasengera mwibaraza, ariko icamutangaje ngo yaje kubona uyo mupasiteri akwegeye uno mugore mucumba kiri ngaho, icumba basanzwe naco bakoreramwo amasengesho, uyu munyamakuru akimara kubatera ijisho  yarabaretse hashize iminota mike yitwaza camera yiwe abagwaho niko rero kubafotora.

abayobozi na Police bahise bahagera kubera ukuntu hari hamaze kuba urwamo rw’abantu benshi, maze uyu muvugabutumwa, abajijwe impamvu aha hantu yahahinduriye inzu y’ubusambanyi avugako atarivyo ahubwo uyu wabafotoye yamufatiyeho inkoho yo mubwoko bwa pisitora ( Pistol ) akamubwirako agomba kwambura impuzu akabafotora aryamanye n’uyu mugore.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments