Isi Igiye Gukora Iki Ku Gihugu Ca Koreya Ya Ruguru?

0

Bivanye n’ukutumvira ONU nayandi mahanga ku vyerekeye ibigwanisho ruhonyanganda Koreya ya Ruguru ibandanya igerageza, ubu ico gihugu gisigaye citwa amazina atandukanye nk’” igihugu c’intabarirwa kandi giteye intambamyi”.

Nkuko BBC News ibimenyesha, Koreya ya Ruguru yagirizwa ko ihohotera abanyagihugu bayo mu gihe ibandanya ihingura ibigwanisho ruhonyanganda.

Mu mezi ya vuba, Koreya ya Ruguru yaragize igerageza rya missile rya 5, irarungika ama missile atandukanye, mu gihe benshi bibaza ko Koreya ya Ruvuru yishe Kim Jong Nam, mwene wabo n’Umukuru wico gihugu Kim Jong Un hakoreshejwe ubumara bubujijwe na ONU.

Missile zine ziheruka guterwa na Koreya Ya Ruguru

Mugabo ni kubera iki Igihugu ca Koreya ya Ruguru ari ingorane, kandi ni kubera iki umuti wiyo ngorane utaboneka?
Haherutse kuba ibiganiro vyaboneka ko bizogira ico bivuyemwo vyahuza Amerika, Ubushinwa, Uburusiya, Ubuyapani na Koreya y’Epfo kugira barabe ingene botorera umuti ico kibazo.Koreya ya Ruguru yaremeye guheba uyo mugambi wo guhinguraivyo bigwanisho ruhonyanganda mu kanya gato.

Ariko kuva mu 2009 nta biganiro bifashe biragira ico bishitseko kuvyerekeye ico gihugu. ONU yarafatiye ibihano bitari bike Koreya ya Ruguru ku buryo habura ibifungurwa vyo gutunga abanyagihugu b’ico gihugu.

Kim Jong-Un, Umukuru wa Koreye ya Ruguru

Birashika kandi ingingo za gisisrikare zigafatwa kugira bahane koreya ya Ruguru, ariko hokwononekara vyinshi mu gisoda n’abanyagihugu. Kuronka no gusambura ibirundo vy’ibigwanisho ruhonyanganda vya Koreya ya Ruguru ntibizokworoha.

Nkuko abahinga babivuga, harakenewe ko haba Ugukorana neza hagati ya Amerika, Ubushinwa, Ubuyapani na koreya y’Epfo, ariko ubu ubutegetsi bushasha bwa Amerika n’impari za Politike ziri muri Koreya y’epfo ntibivyorosha.

Umubano hagati y’Ubushinwa na Koreya y’Epfo n’Ubuyapani ntiwifashe neza bivanye na kahise. Ikibazo ca Koreya ya Ruguru kigiye kuba akananirabahinga nkuko kazoza kazobandanya kavyerekana.