Ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika bwashizeho iminsi 45 y’amatohoza kuvyerekeye amabi yakorewe mu Burundi.

0

Inyuma y’inama yakozwe ku bibazo vyerekeye Uburundi yagizwe n’umurwi ujejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika, nkuko icegeranyo kiza camaze gusohoka kikaba kimenyesha yuko ibihugu bigize uwo muryango vyumvikanye ko hagiye gukorwa amatohoza yihuta kandi akomeye kubwicanyi bwose bwakorewe uwo wese yitwa kwarumuntu hamwe n’ubwicanyi bwakorewe abanyagihugu bose bazize ikiringo ca 3 ca Petero NKURUNZIZA bubandanya gukorerwa abanyagihugu baba mu gihugu c’Uburundi kuva imbere n’inyuma y’amatora yo mu mwaka wi 2015 gushika nokuruno munsi bukibandanya kwibonekeza.
Bakaba bavuzeko kuva kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 17 Gitugutu umwaka wi 2015, iminsi 45 niyo yatanzwe kugira icegeranyo c’ayo matohoza kizobe casohotse kugira batangure gukora nkuko bisabwa n’amategeko.

m1

Ubwo bumwe bw’Ishirahamwe bw’Afrika bumenyeshako ibihano bizofatirwa abazokwagirwa n’ivyo vyaha, ivyo navyo akaba ari kubabuza ingendo baja mubindi bihugu vyohanze, hamwe nogufata ubutunzi bwabo burundu. Bakabandanya bamenyeshako mu bazofatirwa ibihano kandi hakaba harimwo n’abazoba bakoresheje imvugo zikwegera abantu mu bugizi bwa nabi ngo kuko kwica ntibisigura ko ariwe wenyene uba wishe ngo urashobora kwica kandi utishe ngo ivyo navyo sibindi ngo n’ugukoresha uyu canke uriya mukumutuma ngo agende yice uyu canke urya ngo aho naho abahanwa ntaba akiri umwe haca hahanwa babiri uwatumwe kuja kwica hamwe nuwamutumye.

Iryo tangazo ry’ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika ribandanya rimenyeshako ubwicanyi mu Burundi bwiyongereye cane kuva mu mpera z’ukwezi kwa kane “4” umwaka wi 2015 igihe Petero NKURUNZIZA ashizwe imbere ngo yitoze mu kiringo kigira gatatu 3 mu kibanza c’uguserukira umugambwe wa CNDD- FDD mu matora y’umukuru w’igihugu ivyo navyo bikaba bitari vyemerewe n’amategeko, rikabanya rivugako abanyagihugu bakaba baciye bavira hasi rimwe baja kwiyamiriza ico kiringo ciwe kitari cemewe n’amategeko harwiriyemwo nabatavuga rumwe na Reta, ngo uhereye kurizo tariki abantu batari bake bakaba barahasize ubuzima ngo kandi ababagandaguye sabandi nabapilisi bavanze n’imbonerakure zisanzwe ari iziri mu mugambwe wa CNDD-FDD.

Iryo tangazo ribandanya rivyemeza yuko abo bose bagandaguwe harimwo nabakuru bimigambwe imwimwe itavuga rumwe na Reta bose baharanira inyungu y’umunyagihugu ariko Reta ihari ikaba itabemereye kuko yaciye ibagandagura bidatevye.

ma

Nk’uko iryo tangazo ribandanya ribimenyesha ngo kuva kw’igenekerezo rya 21 Mukakaro 2015 Petero NKURUNZIZA atowe kugira arongore igihugu c’Uburundi biciye mukiringo ca gatatu 3, ubwicanyi butagira uko bwosigurwa ku mpande zompi bwarongerekanye gushika ngo n’ubu bukaba butarahagarikwa. Smaïl Chergui ari murwi ujejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika amenyesha ko ubwicanyi bwarenze urugero ari naco gituma mu gihe vyokenerwa inzego mpuzamakungu zirongowe n’ubumwe bw’Afrika zizorungikwa mu Burundi kugira zikingire ubwicanyi bubandanya buba biboneka ko bushobora gukwira igihugu cose ngo kuko biboneka ko Petero NKURUNZIZA nakagwi kiwe kiyemeje kucinyiza agateka kazina muntu wese asigaye ari ibisanzwe ngo uwo mugwi uzobuje kugira ukingire umunyagihugu w’Uburundi n’uwuba mu Burundi wese.

Iryo tangazo ry’ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika risohotse inyuma y’aho imigenderanire yahora hagati ya Reta y’Uburundi n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa bulaya itari icifashe neza nagato,kuko umugambwe CNDD FDD ukaba uwagiriza ko ubumwe bwaburaya kwaribwo bucanishamwo amoko hamwe n’inzego z’igipolisi mu Burundi, ivyo muri CNDD FDD bakavuga ko ivyo vyose bibonekera mu bihano vyafatiwe abategetsi bane bakomeye bo mu nzego z’igipolisi ivyo bihano navyo ngo akaba atari ibindi akaba aribi bikurikira: kubabuza kutemberera mubindi bihugu, hamwe nogufata burundu amatungo yabo yose bafise hanze yibindi bihugu.

v2

Uwo mugambwe wa CNDD FDD ukaba wagirije kandi ishirahamwe ry’ubumwe bwa bulaya ko rishigikiye abakora ubwicanyi hamwe n’abashatse gutembagaza ubutegetsi mukubaha ibirwanisho bicira umuriro nokubaha amahera kugira biyamirize ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA.

Daniel Gélase NDABIRABE umuvugizi w’uwo mugambwe CNDD-FDD mw’itangazo yasohoye akaba yavuze ati: Biragaragara ko abo bansi b’igihugu bashigikiwe na vya bihugu vy’Abakoroni bidashaka ko Uburundi kiba igihugu ciyunze kandi kija mw’iterambere, biboneka ko ivyo bihugu vyipfuza nantaryo kugaruka gucura bufuni na buhoro n’ukugarukana intambara yabaye Uburundi butararonka intahe yokwikura ngo kandi ivyo akaba arivyo mu mugambwe wa CNDD-FDD utipfuza nagato gusubiramwo, ariko natwe dusubiye inyuma gato tukaraba ibiguma biba tubonako ataho bitandukaniye nivyabaye mu magume yatanguye itariki 21 Gitugutu 1993 aho hashoboye kwicwa abantu batari bake kwarivyo bisigaye vyarasubiye kuba.