Ishirahamwe Ry’Ubumwe Bwa Buraya Risabira Ibihano Abaremesha uguhohotera Abandi Mu vy’Igitsina.

0

Mw’itangazo ryasohotse ejo bundi ku musi wa mbere itariki 10/04/2017, Ishirahamwe Ry’ Ubumwe Bwa Buraya ririyamiriza abahamagarira ivyo gufata ku nguvu abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’uburundi biheruka gukorwa n’imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD aho zaririmba zisaba ko abagore n’abakobwa batavuga rumwe nuwo mugambwe ‘boterwa inda kugira bavyare imbonerakure’.

Muri video yatembereye cane ku mbuga ngurukana bumenyi mu ndwi iheze, urwaruka ruri mu mugambwe uri kubutegetsi rwo muri Ntega mu Ntara ya Kirundo mu buraruko bw’igihugu c’uburundi rwahamagarira urundi rwaruka ‘gutera inda’ abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Ishirahamwe ry’Ubunwe Bwa Buraya rikamenyesha ko agahohotero gahagaze ku vyigitsina ari ukurenga ku mategeko mpuzamakungu agenga agateka ka zina muntu kandi ko ari icaha co kurengera ubwigenge bw’abakenyezi n’abigeme.

Intumwa z’Ishirahamwe ry’Ubumwe Bwa Buraya zikaba zibutsa Leta y’Uburundi ivyo ijejwe mu bijanye no gukingira umutekano wabanyagihugu na cane cane abakenyezi hamwe n’abigeme ku bijanye no gufatwa ku nguvu. Izo ntumwa zikaba zisaba ko haba amatohoza yitondewe hama ashirwe ahabona hamwe n’ibihano bikomeye ku bagirizwa guhamagarira abandi gufata kunguvu abakenyezi n’abigeme, na cane cane hisunzwe amategeko n’ivyo Uburundi bwiyemeje mu makungu.

Bukeye bwaho inyuma y’aho iyo video igiriye ahabona, Ubutegetsi bwaciye bwagiriza abatavuga rumwe n’ubutegetsi ko bashaka gucafuza akaranga kumugambwe CNDD-FDD, ariko mu nyuma Ubuserukizi bw’uwo mugambwe bukaba bwaremeje ko iyo video ari iyukuri hamwe nuko abazokwagirwa bazofatirwa ibihano.