Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika rimenyesha ko rishigikiye umuhuza Benjamin Mkapa

0

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU riri kumwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika amenyesha ko bashigikiye igikorwa co guhuza abarundi mu ntumbero yo gutorera amatati ibibazo vya politike mu Burundi,gihagarariwe na William Benjamin Mkapa yahze arongye igihugu ca Tanzaniya.

Nkuko biri mw’itangazo ryashikirijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU riri kumwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya kuwa gatandatu igenekerezo rya 28 Nzero umwaka wa 2018,ayo mashirrahamwe amenyesha ko ashima uko ibintu bitera imbere mu Burundi.

Muri iry tangazo ayo mashirahamwe amenyesha ko ashigikiye igikorwa co guhuza abarundi catangujwe n’akarere ka Afrika y’Ubuseruko,gihagarariwe n’umuhuza William Benjamin Mkapa.

Mu gihe Uburundi bwiinjiye mu ndyane za politike zivuye ku kiring c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza mu kwezi kwa kane umwaka wa 2015,abatavuga rumwe na Reta bahurikiye mu runani CNARED bamenyesheje ko batemera umuhuza Benjamin Mkapa kubera ahengamiye ku ruhande rwa Reta,mu gihe Reta nayo yamenyesheje kpo idashbora kuganira n’urunani CNARED.