Ishirahamwe Ry’Ibihugu vya Afrika kwikura muri Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha ICC

0

Ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika ryemeje uwo mugambi wo kwikura muri Iyo sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha, ICC( International Criminal Court) kuko ibihugu vyinshi vya Africa vyibaza ko iyo Sentare yibasira cane abategetsi bo ku mugabane wa Africa gusa.

Iyo ngingo yafashwe mu nama y’umwiherero ntiremeza iyo ntambwe yo kuva muri ICC.

Inama ya 28 y’Ubumwe bwa Afrika ya 2017

Abategetsi ba Afrika bavuga ko iyo Sentare yihenze mu kwagiriza umukuru w’igihugu wa Sudani, Omar El Bashir, ku bwicanyi bwabaye i Darfur na Uhuru Kenyatta ku migumuko yabaye inyuma y’amatora muri Kenya.

Uwo mugambi uvuga ko ibihugu vya Africa vyikwije mu gutsimbataza Ubucamanza bwabo no kwagura ububasha Ubucamanza bwa afrika ku vyerekeye Uburengazira bwa Kiremwa-muntu.