Favorite Partener company ni ishirahamwe ryaheruka kwemererwa gukorera mu Burundi n-ikigo kijejejwe kwakira abanyamitahe API rikaba ryari ryiyemeje kuzokorera muvyo ˮguhanura abagiye kwubakana‟ mu nyuma rihava rikorera muvyo gufashaˮ imisore n–inkumi bageze kwubaka ariko babuze abo bubakana ‟ ari navyo ryahavuye rizira rirugarwa ndetse n-indongozi zaryo zirahagarikwa n-igipolisi.
Nkuko bimenyeshwa n-umuvugizi w-ubushikiranganji bw-umutekano, Petero Nkurikiye yabwiye abanditsi n-abamenyeshamakuru ko muvyo abarongoye iryo shirahamwe haribonekeza ivyo guhonyanga ubwigenge bw-umuntu aha twovuga nko kuba ukiri isugi, kuba warigeze kuba uri m-urukundo n-ibindi n-ibindi vyaza bihonyanga imico y-igihugu.
Tubamenyeshe ko abari barongoye iryo shirahamwe aribo= Hatungimana Eddy na Niyonkuru Gad na bone baciye bahagarikwa n-igipolisi.
Recent Comments