Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeLoveIshirahamwe ryaheruka kuvuka ryahagaritswe ryagirizwa kuhonyanga imico n-imigenzo vy-abarundi.

Ishirahamwe ryaheruka kuvuka ryahagaritswe ryagirizwa kuhonyanga imico n-imigenzo vy-abarundi.

Favorite Partener company ni ishirahamwe ryaheruka kwemererwa gukorera mu Burundi n-ikigo kijejejwe kwakira abanyamitahe API rikaba ryari ryiyemeje kuzokorera  muvyo ˮguhanura abagiye kwubakana‟ mu nyuma rihava rikorera muvyo  gufashaˮ imisore ninkumi bageze kwubaka ariko babuze abo bubakana ‟ ari navyo ryahavuye rizira rirugarwa ndetse n-indongozi zaryo zirahagarikwa n-igipolisi.May be an image of one or more people and text that says 'FAVORITE PARTNER COMPANY FAVORITE PARTNER COMPANY Avez-vous besoin de trouver un partenaire favori pour le mariage? Contactez-nous au +257 76252045 ou +257 68118015'

Nkuko bimenyeshwa n-umuvugizi w-ubushikiranganji bw-umutekano, Petero Nkurikiye yabwiye abanditsi n-abamenyeshamakuru ko muvyo abarongoye iryo shirahamwe haribonekeza ivyo guhonyanga ubwigenge bw-umuntu aha twovuga nko kuba ukiri isugi, kuba warigeze kuba uri m-urukundo n-ibindi n-ibindi vyaza bihonyanga imico y-igihugu.

Tubamenyeshe ko abari barongoye iryo shirahamwe aribo= Hatungimana Eddy na Niyonkuru Gad na bone baciye bahagarikwa n-igipolisi.

 

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments