Ishirahamwe PAM ryagabanije imfungurwa zihabwa impunzi z’Abarundi bari mu Rwanda

0

Ishirahamwe riraba ibijanye n’ibifungurwa mw’si ariryo PAM(Programme Alimantaire Mondial) ryafashe ingingo yo kugabanya ibifungurwa vyahora bihabwa impunzi z’Abarunid  ziri mu nkambi ya mahama mu gihugu c’urwanda.

Umukuru wa PAM mu Rwanda akaba avuga ko iyo ngingo yafashwe kubera ubukene bw’uburyo butangwa n’abagiraneza.

PAM ikaba yamenyesheje ko guhera muri kuno kwezi kwa gatatu impunzi z’Abarubndi ziri mu gihugu c’Urwanda zigiye kuronswa ibifungurwa vyakaswe gushika ku bice 60 kw’ijana.

PAM igahamagarira abagiraneza bitanga mu gutanga kugira bagarukire kuri izo mpunzi kubera ko ibintu bishobora kwunyuka.

Mukamenya ko iryo shirahanwe PAM ryaronsa umuntu umwe ku kwezi w’impunzi amadolari nka 8(nka 20 000 FBU) ku kwezi kugira ashobore kuronka ivyo yigaburira mu masoko.

Mwomenya ko impunzi zimwe zimwe z’abarubndi ziriko zitahuka ziva mu gihugu c’urwanda kandi zikakirw mu gihugu c’Uburundi.