Radio ISANGANIRO iheruka gushira urutonde rw’indirimbo 20 zizohiganwa mw’ihiganwa ry’ubushimwe ( AWARDS ) muri urwo rutonde, abaririnvyi b’abarundi babiri baba hano muri Leta zunze ubumwe za America ” Daddy Face hamwe na Aime M ” nibo bonyene bagaragaye muri urwo rutonde rw’abari mwihiganwa rya ” Isanganiro Awards ).
Mu rwego rwo gushaka kumenya ukuntu abo baririnvyi bavyakiriye, Ikinyamakuru ca mbere gikunzwe cane n’abarundi benshi gikorera hano muri Leta zunze ubumwe za America ” UBM News ” twashimye kuganira nabo kugirango twunve ico babivugako .
Dady Face tumubajije ubwiwe yagize ati : Yeah navyakiriye neza cane kandi irya ndirimbo ” Abanye politike ” ntankeka irashobora gutahukana isanganiro award kuko uravye ubutumwa buri muri irya ndirimbo ndaririmvye ibintu bigezweho ubu mu burundi turindire rero turabe ubizokwirikira munyuma
Aime M : jewe vyaranezereye cane kubona ko mu gihugu batwakira kandi bakatwishiramwo naho turi hanze, ntabwo batubona nkababataye, jewe uko ndabibona ni uko Intsinzi ya AKAJAMBO kuri Insanganiro award 2014 izohuza benshi abari hanze nabari mugihugu, kandi turetse jewe naba fana bose baranezerewe kubera benshi babona ko ivyo dukora ari imikino, yoba jewe canke abandi baririmvyi batuye hanze nka Mt. Number 1, Murya winanga, nabandi benshi ntarinze kuvuga amazina, mugabo ubu rero bizoca vyerekana ko intambwe iriho habuze ubushobozi no gufatana munda.
Twobibitsa y’uko ihiganwa ISANGANIRO AWARDS uwatanguye kuritsindira ko ari umuririmvyi RALLY JOE aho hari mu mwaka 2011 , haca hasubira umuririmvyi YOYA JAMAL yaritsindiye mu mwaka 2012 , hama haca hasubira umuririmvyi MKOMBOZI yaritsindiye mu mwaka 2013, UBU RERO IHIGANWA ISANGANIRO AWARDS RIRABANDANYA N’UYU MWAKA WA 2014 .
URUTONDE RW’INDIRIMBO 20 ZIZOHIGANWA
=====================================
1.Yuguruye Ntawugara By Redemption Voice
2.Siko nabisanze By Spok’s
3.Hinduka By WAWA
4.Wa wundi By Emery Sun
5.Izere ByLion Story
6.Contre la Guerre By Kid’s Song
7. Siyoni By Chris na Junior
8.V’ibuzimu By Prophete Voice
9.Agapiripiri By Sogo
10.Urashoboye By David Nduwimana
11.Bajou By Fizzo
12.Akamaro k’ijwi naguhaye By Gerard
13.Ubuntu bwawe By Kolly
14.Akajambo By Aime Baltimore
15.Reka Mbege By Sat-b
16.Twarashaza By Annick
17.Sinkakubure By Samantha
18.Abanyepolitique By Dady Face
19.Ndasavye ijambo By N-John
20.Yego ByDavy Tounga
Ese ninde wibaza ko azotsindira ( Isanganiro Awards ) uno mwaka 2014 ?
Recent Comments