Iry Tina abandanya yidogera bimwe mu bimenyeshamakuru vyo mu Buganda.

0

Umuririmvyikazi w’umurundi ariko asanzwe akorera akazi kiwe mu gihugu c’ubuganda Iry Tina abandanya yidogera bimwe mu bimenyeshamakuru vyo mu gihugu c’ubuganda aho bimaze iminsi bimwandikako amajambo batabanje gutohoza neza.
iry tina
Abicishije ku kinyamakuru canyu Ubmnews.com,umuririmvyikazi Iry tina akaba yatumenyesheje ko atangara kubona hakiriho abamenyeshamakuru bandika inkuru batabanje gutohoza hama bakayishira ku binyamakuru vyabo,Iry Tina akabandanya ahanura abamenyeshamakuru bagifise ingeso yo kwandika amakuru batabanje gutohoza ko bobiheba kuko iyo batanze inkuru itariyo uwuyisoma wewe abona ko iyo nkuru ariyo ntiyiyumvira ko watanze inkuru itariyo kuko abazi ko utanga inkuru watohoje neza.
ikinyamakuru 1ikinyamakuru 2ikinyamakuru 3
Mu kurangiza Iry Tina akaba yatubwiye ko ariko ategurira ibishasha vyinshi abakunzi biwe kandi akaba yizera ko bizobashimisha.