Ireresi UMUTWE W’INKUBA igiye kuja ahabona kuva kuruyu wa Gatandatu.

0

Ireresi UMUTWE W’INKUBA mwari murindiranye igishika cinshi igiye kuja ahabona kuva kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 26/9/2015 kuri Palais des arts,mu gisagara hagati impande y’i banki posta kuva igihe c’isaha icenda (15h).
arthur
Nkuko Arthur Ban yashoboye kubimenyesha ikinyamakuru canyu ubmnews.com akaba yatumenyesheje ko iyo reresi UMUTWE W’INKUBA bagiye kuyerekana kuva kuruyu wa gatandatu kuko ngo bahora bayibasaba ku bwinshi ko boyishira ku mugaragaro abantu bakayibona,bakanayigura,Arthur Ban akaba yabandanije atumenyesha ko kuruyo munsi bateguye ibintu vyinshi kandi bizera ko abantu bazoba bari ngaho ko bazoryoherwa cane.
a
Kwinjira muri ico giteramo aho bazoba bariko barerekana iyo reresi n’amafaranga ibihumbi bitatu gusa(3000fbu),uwukeneye naho kugura iyo reresi ikaba gwiwe akaza arayiraba uko ashaka ikazoba iriko igurishwa amafaranga ibihumbi bitanu gusa(5000fbu).
Gura ama ticket kare,mutumire incuti n’abagenzi,Ijisho ry’uwundi ntirigushimira umugeni.
Ukeneye kumenya vyinshi yo kwakura kuri +257 79040175,79082326