UBM News ads

Irani irase ibiganiro isabwa n’Amerika-Abbas Araghchi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Irani yamirira kure ibiganiro isabwa na Donald Trump:Umushikiranganji w’imigenderanire ya Irani Abbas Araghchi ahejeje gutangaza ko ata biganiro bikenewe hagati y’Amerika na Irani mu gihe isiraheli yoyo ikomeje ibitero muri irani.

Donald Trump akaba yaraye atangaje ko mu kiringo c’indwi 2 ariho Amerika izofata umwanzuro ko yokwinjira mu ntambara na Irani.

Mu gihe intambara hagati ya Isiraheli na Irani ikomeje,umushikiranganji w’imigenderanire ya Irani Abbas Araghchi ahejeje gutangaza ko ata biganiro bikenewe hagati ya Irani na isiraheli mu gihe isiraheli yoyo ikomeje ibitero.

Ari kuri télévision nkuri y’igihugu ça Irani,Abbas Araghchi akaba yavuze ko Amerika yakomeje gusaba Irani ko hoba ibiganiro,iratuma intumwa nyishi n’ubutumwa bwinshi ariko Irani ikaba idashobora kwemera ibiganiro na Amerika.

Agira ati:”mu gihe isiraheli ikomeje kudutera,nta biganiro bikenewe.”

Hagati aho Donald Trump akaba yaraye atangaje ko inyuma y’indwi 2 ariho Amerika izofata umwanzuro ko ishobora kwinjira mu ntambara na irani ariko habanje kuba ibiganiro biciye mu nzira ya diplomasi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments