Iraki: Intambara Iriko Ibica Bigacika Mu Gisagara Ca Mosul

0

Igitigiri c’abasivile bahunga intambara mu gisagara ca Mosul kiguma ciyongera bukwi na bukwi mu gihe imigwano iguma ikomera hagati y’abasirikare bashigikiwe na Leta Zunze Ubumwe Za Amerika hamwe n’abarwanyi b’umuhari w’iterabwoba Etat Isalamique, kandi abanyagihugu bamwe bamwe bakaba bamazwe kwicwa n’ibigwanisho vy’ubumara, nkuko Ishirahamwe ryitaho imbabare Croix Rouge ryabitangaje ejo bundi ku wagatanu itariki 03/02/2017.

Abasoda kandi ba leta Ya Iraki bavuga ko bafashe nakandi karere uko babandanya binjira imbere muri ico gisagara ca Mosul kirimwo abantu n’ibintu vyinshi, aho vyitezwe ko imigwano izokomera cane.

Nk’uko tubikesha itororakanirizo ry’amakuru Reuters, mumasaha 48 gusa aheza,mu bakomerektse muri iyo migwano ikaze harimwo abana batanu n’abagore babiri bahuye n’ibigwanisho vy’ubumara, bica bituma bagwra ibiguma, amaso yabo aratukura cane, kudahwa no gukorora.

Abantu barabandanya bahunga imigwano iriko ibera mu gisagara ca Mosul

Leta ZUnze Ubumwe Za Amerika zaragabishije ko Umuhari Etat Islamique ushobora gukoresha ibigwanisho birimwo ubumara bwitwa Soufre kugira bigize inyuma ababatera mu bururaruko bw’ico gisagarra ca Mosul.

Igisirikarre ca Iraki kirizeye kidakeka ko abagwanyi ba Etat Islamique ibihumbi, harimwo n’abanyamahanga, boba binyegeje muri Mosul mu banyagihugu bahasigaye, abo amashirahamwe yitaho imbabare avuga ko boba bashika ku 750 000.

Iyo migwano mu gisagara cxa Mosul kuva itanguye muri Gitugutu 2016 iramaze kwica abantu ibihumbi.