Iradiyo Bonesha FM yasubiriye gusamirana m’Uburundi

0

 

Kuva kur’uyu wa gatanu iradiyo Bonesha FM yasubiriye kuvuga ibiganiro vyayo n’amakuru. Iyo radiyo ikorera i Bujumbura ikaba yarimaze imyaka 5 itarasubira gusamirana. Bikaba vyavuye ku myiyerekano yo mu mwaka wa 2015 yahavuye ivamwo ihirikwa yabaye itariki 13 rusama 2015. Abahiritse ubutegetsi  bakaba bagiye kuvugira kuvugira kuriyo radio abasirikare batari inyuma yiryo hirikwa ry’ubutegetsi bakaba baciye bagenda kugara iyo radiyo abamenyeshamakuru ariyo bari ibikoresho bikaba vyarahatswe gusambugwa. Abo basirikare bakaba baciye bahashira ikirindiro, umushingwamanza mukuru nawe aca atanguza urubanza rwo kurondera abamenyeshamakuru bamwe bamwe bahaye ijambo abashatse guhirika ubutegetsi.

Leon Masango, the chief editor at Bonesha Radio, poses on May 15, 2015 in the studio in Bujumbura, after it was it was shot up and ransacked by security forces two days prior, following a coup attempt by a top general. Bullet holes are visible in the glass in the foreground. Burundian President Pierre Nkurunziza thanked loyalist forces on May 15 for defeating a coup attempt, as he warned protests against him must now end, linking the demonstrators with those who took part in the putsch. AFP PHOTO / JENNIFER HUXTA / AFP PHOTO / Jennifer Huxta

Bamwe mubamenyeshamakuru bakaba baciye bahunga igihugu abandi baraguma m’Uburundi bakorera ku nzu yitiriwe kumenyeshamakuru.  Ariko mu nyuma naho nyene bahavuye bababuzwa gukora no kumbuga ngurukana bumenyi. Murumva ko baciye mu bihe bitoroshe mur’iyi myaka itanu.

Leon Masengo yaciye aba ararongora iyo radio akaba yaguma asaba ubutungane ko bobareka bagasubira bagakora ariko bikaba vyarananiranye ku ntwaro ya Petero Nkurunziza. Prezida Ndayishimiye yamusubiriye akaba ariwe aherutse kwemerera amaradiyo yugawe gusubira gukora. Ariko hakaba hari amaradiyo atari make ateremererwa n’ikigo CNC bakaba bakiri mu biganiro.