Rwasa agathon aragiriza iperereza ko riri mu bahatswe kumugandagurira umutambukanyi iyo Imana idakinga aho hari ku musi wa mungu igenekerezo rya 16 ntwarante muri Quartier Asiatique aho umutambukanyi wiwe yariko arakoresha imishatsi. Nkuko yabandanije abimenyesha ngo umufasha wiwe nta numwe yigera apfa ikintu nawe eka ngo no kuri ngendanwa nta na rimwe aramwumva ashwana.
Muri ico kiganiro nyene yamenyeshe ko aba police bari mu bamufashije kugira uwashatse kumuhekura ntashobore gufatwa kuko s’umusuma ngo n’ikimenyamenya nuko yari mu modoka ya Jeep Prado kandi ngo n’abashaka kumufata aba Police bari hagufi barikumwe n’iyo modoka baciye barasa.
Nkuko amakuru dukesha insamirizi y’abanyagihugu ngo hari n’aba police batari bazi ibiriko biraba bashatse guhagarika uwo mwicanyi ariko bikaba bitakunze ahubwo nibo bahatswe kuhasiga ubuzima. Eka n’uwundi mu police yari yambaye impuzu zisanzwe yamenyesheje iyo nsamirizi ko bari kumufata iyo batamukingira ikibaba.
Rwasa amenyesha ko bihenda mu kumuburabuza kuko ngo Ubuzima ari ubw’Imana ngo no muri 2010 yabaciye mu myanya y’intoke bari bashaka kumugandagura, akamenyesha ko atabihevye kandi nubu adahema areka naho bogira iki. Akamenyesha kandi ko azi ko hari abantu bashizweho bashaka kumugandagura aho akavugamwo nk’ama Somalien bariko bigishiriza abashaka kumugandagurana n’abandi bantu mu Rukoko,mu kibiri hamwe no muri Congo mu Kibira Ondes.
Nayo Rwasa agathon akaba yamenyesheje ko abavurwa ko bashaka kugandaguranwa nawe ari nka Leonce ngendakumana, Guillaume wo muri CNDD yo kwa Nyangoma, Vital Nshimirimana atwara Forsc, Bob rugurika umurongozi wa RPA, Margueritte Barankitse atwara Maison Shalom.
Mwibuke ko ivyo bibaye inyuma yaho umutambukanyi wa General Godefroid Niyombare yahatswe kugandagurwa
Recent Comments