Inzira isigaye mu bibazo vy’Uburundi ni Umuhuza Museveni

0

Inzira yonyene isigaye ngo Uburundi buve mu nzira y’intambara buriko bujamwo ngo n’umuhuza Museveni kuko ariwe wenyene asigaranye Urufunguzo rw’uguhagarika ibiriko bigomba kuba, Ivyo vyashikirijwe n’umwe muri barya ba General bashatse gutembagaza Ubutegetsi kuwa 13 rusama.

BURUNDI-POLITICS/

General Leonard Ngendakumana yabaye icegera c’umukuru w’ibiro bikuru vy’igendereza yabandanije amenyesha ko mu gihe uwo muhuza mushasha mu Bibazo vy’Uburundi yonanirwa igikorwa bamushinze Uburundi ata nkeka busubira mu bibazo bwahozemwo vy’intambara.

Mwomenya ko ivyo bishikirijwe muri kino gihe havurwa imirwi itandukanye y’abitwaje ibirwanisho ivurwa hirya no hino mu Burundi