Inyuma y’ugutsinda amatora, Nkurunziza ashobora kurahira imbere yuko ikiringo gihera

0

Pierre-Nkurunziza

Ibiharuro vy’imfatakibanza vyamaze kumenyekana, ivyo biharuro bikavuga ko uwuza ku mutwe mu mice itandukanye y’Uburundi no mu makungu ari petero Nkurunziza ku bice 69,41% agakurikirwa na Rwasa agathon ku bice 18,99%, uwuza ubugira gatatu ni Ambassadeur Gerard Nduwayo ava mu mugambwe UPRONA ishami rya Concilie aho nawe yaronse ibice 2, 14, nayo ku kibanza ca Kane hakaza Jean Minani ku bice, ku mwanya wa nyuma haza Sylvestre Ntibantunganya n’amanota 0,14%. Abatoye bose bari ku bice 73, 44% .

Muri ivyo birori vyabereye muri Royal Palace abaserukizi b’ubu chinois n’uburusiya akaba aribo bari bitavye muba Diplomate bose bari i Bujumbura.  Mu mashirahamwe naho hakaba habonetse umurongozi wa PNUD nkuko urubuga rwa Twitter rwa Sonia Rolley rubivuga.

Ivyo vyabaye uko mu gihe  abatavuga rumwe n’Ubutegetsi batemera ko bagiye mu matora mbere no muri ivyo birori vy’ugushira ahabona ibiharuro vy’imfatakibanza bakaba batagiye.

Mu majambo yashikirijwe n’umukuru w’umurwi ujejwe gutegura amatora  CENI Ambassadeur Ndayicariye Pierre Claver yamenyesheje ko amatora y’umukuru w’igihugu ari intambwe ngirakamaro ku Burundi no kuri makungu. Akaba yanaboneye akaryo ko gushimira ababafashe mu mugongo muri ivyo bihe bari barimwo.

Mu gihe amategeko avuga ko umukuru w’igihugu azorahira igenekerezo rya  26 ukwezi kw’umunani ngo birashoboka ko ashobora kuzorahira imbere y’izo tariki nkuko umukuru w’uwo murwi CENI yabishikirije.