Mu munsi ishize , hari amakuru yariko aracanacana kubuhinga ngurukanabumenyi avuga ko umushingamateka Hussein Radjabu yoba agiye kwidengemvya vuba,ayo makuru yabandanya avuga ko bishoboka yuko umutsima w’amasaka abarundi barisha ng’umwaka mushasha kwashobora kuwusangirira hamwe n’abandi.
Abanyagihugu isinzi uyu munsi rero bari baje bava mu mihingo itandukanye nibo baboneka mu micungararo y’ibohero rikuru rya Mpimba mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri impanvu ya vyose ngo nuko bari bunvise amakuru avuga ko Hussein Radjabu ahava asohoka ibohero.
Nubwo biruko icizere abenshi bari bafise gisa nicatanguye kuvaho nyuma yaho umukuru w’ibohero rikuru rya Mpimba abwiriye abamenyeshamakuru ko ku rutonde rw’abanyororo bane vyari bitegekanijwe ko barekurwa kuri uwu wa kabiri, izina rya Hussein Radjabu afunzwe kuva 2007 ko ataririmwo.
Ese ukuri kwoba ari ukuhe ? BAMWE bati :”NIVYO” ABANDI:”SIVYO”, izi ngo nizo mvugo ziva muri bamwe n’abandi bakimufise ku mutima,haba ngo mu babanye nawe ku rugamba eka no mu ncuti ziwe za hafi ,kuko ngw’abenshi bavyumva nk’igitangaro kuko ngo bakongatajwe n’ukwihangana, umushingwamanza we asanzwe ariwe aburanira Hussein Radjabu yamenyesheje ko ingingo y’ukumurekura, agahabwa umwidegemvyo w’agateganyo yamaze gufatwa n’aho atari bwaronke urwandiko rw’ukumusohora.
UBM News tubibutse ko mu nzego z’ubutungane, hamwe n’ubuyobozi bw’ibohero rikuru rya Mpimba, nta n’umwe yemeje ayo makuru avuga ko Hussein Radjabu yoba agiye kwidegemvya ahubwo bo bavuga yuko ari ibihuha vyakwiragijwe n’uwahoze ari umunyamabanga mukuru wa CNDD FDD, Manassé Nzobonimpa .
Recent Comments