UBM News ads
Tuesday, December 5, 2023
No menu items!
UBM News ads

Inyuma y’imyaka 10 Appolinaire Habonimana ataboneka mu muziki, ubu ho abazaniye bishasha bidasanzwe

Inyuma y’imyaka 10 atabikorwa vyiwe bishasha biboneka,Appolinare Habonimana agiye kugaruka mu muziki ashira ahabona album yiwe nshasha.Muri ino nkuru turaza no kugaruka kuri kahise kiwe kuva mu bwana.

Muri wewe

Haraheze imyaka 10 abakunzi b’indirimbo zihimbaza Imana mu Burundi batumva indirimbo nshasha z’umuririmvyi Appolinaire Habonimana, inararibonye muri ico gisata c’indirimbo zacuraranzwe mu guha icubahiro Imana.Ariko rero ngo yagarutse azanye bishasha birimwo urukurikirane rw’indirimbo rushasha rwitwa”Muri Wewe” ruriko rukorerwa muri leta zunze ubumwe za Amerika.Urwo rukurikirane rwiwe ngo vuba ararushira ahabona hanyuma abakunzi b’indirimbo ziwe batangure kuzumva.

1393416376_afri-43240

Naho atandirimbo nshasha yagiye arashira ahabona muri iyi myaka 10 iheze,Appolinaire ngo yagiye arafasha abaririmvyi bashasha muzihimbaza imana ubona ko asanzwe afise uburambe mu vy’umuziki kuko yaranize ivyirwa bijanye n’umuziki hamwe no kuwuhinyanyura.Muri abo twovuga nka David Nduwimana barikumwe mu murwi Shemeza Music yamufashije arahava aramenyekana ndetse no ku rwego mpuzamakungu.Appolinaire azwi mu ndirimbo nka “Igituma ndirimba”,”Nama ntangara”,n’izindi nyinshi.Naho atanshasha aherutse gusohora,indirimbo ziwe za kera nubu ziracavuzwa kandi cane ku ma radiyo yaba ayo mu Burundi canke mu Rwanda.

Appolinaire HABONIMANA ni inde?

Apostle Apollinaire Habonimana yavutse mu mwaka w’1972 avukira mu gisagara ca Bujumbura, umugore wiwe yitwa Jeannette Nsabimana ,bafitanye umwana umwe azwi kw’izina rya Habonimana Jackin-Praise.Yatanguye kuririmba akiri umwana hanyuma abavyeyi biwe baca baramutwara mw’ ishuri ry’abamisiyoneri b’abanyamerika aho yigiye ijambo ry’Imana hamwe n’ubundi bumenyi.Yakijijwe afise imyaka 14 abandanya ivyo kuririmba aniga kuvuza igitari.Mu mwaka w’1988 yahuye n’umuririmbyi David Nikiza yari yabonye ko Apollinaire afise impano mu muziki aca arabimufashamwo bituma Apollinaire abandanya kugira ubumenyi mu gukoresha ibikoresho vy’umuziki.

Yahavuye amenyana munyuma na Pastor David Ndaruhutse akaba n’umuyobozi wa African Revival Ministry anamutumira mw’ishuri rya bibiliya akaba ari naho yagiriye amahirwe yo kumenya bibiliya. Abo bose bafadikanije bashinze ishengero ryitwa “Living Church of Burundi” (Eglise Vivante de Jésus-Christ) aho banagiye batunganya ibiteramo bitandukanye vya gospel mu Burundi no mu Rwanda.Bose umugambi wari umwe wo gukorera Imana kugeza aho Ndaruhutse yahavuye yitaba Imana mu mwaka w’1997.

Mu mwaka w’1993, Apollinaire yerekeje mu gihugu c’ubwongereza amara umwaka ahitwa Horsham Roffey, ku mpamvu zo kwiga bibiliya ahava akorana na Karl ndetse na Colin Owen album “Yesu Vyizigiro” mu 1994. Apollinaire agarutse mu Burundi yaciye ashinga worship team muntumbero yo kugarura ishengero rya Dawid (Amos 9:11).

Mu w’1998, iyo worship team yahavuye ayita “Shemeza Music”. Muri uwo mwaka yasubiye mu Bwongereza kubandanya ivy’umuziki akorerayo album ya kabiri “Wastahili Sifa.”

Mu mwaka w’1999, “Shemeza Music” yateguye ibiteramo n’imyiherero (seminars) mu mashengero atandukanye mu Burundi, Rwanda no muri repubulika iharanira demokarasi ya Kongo. Mu mwaka w’2002, yakoze album ya gatatu “Mpore Mama” nayo album ya kane “Regeneration” yakozwe mu kwezi kwa cumi n’akabiri 2004, iyi ikaba ari nayo yerekanye ubunararibonye yaramaze kugira muri gospel music. Ku wa Gatanu igenekerezo rya 23 kigarama 2011 ni itariki itazibagirwa muri Shemeza Music Ministry mu mashengero y’i Burundi no ku isi hose kuko ariho Apollinaire Habonimana yimitswe nka Apostle Worshipper kuri Zion Temple i Kigali mu Rwanda abifashijwemwo na Apostle Dr. Paul Gitwaza,umwe mu bakozi b’imana bazwi cane mugihugu c’urwanda.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments