Inyuma y’Igitero c’Iterabwoba Mu Bwongereza, Ibindi Bisagara Vyongereje Ugucungera Umutekano.

0

Inyuma y’igitero c’iterabwoba cabaye ejo itariki 22/03/2017 ku mugoroba mu Bwongereza, ni gute ibindi bisagara vy’I buraya na Amerika bicunze uumutekano?

Nkuko tubikehsa BBC News, Uwateye ku Nama Nshingamateka yo Mu Bwongereza yaciye ahagarikwa vyihuta, hama abajejwe umutekanao baca barugara igisgara ca Westminster cabereyemwo ico gitero mu minota mikeyi!

Ariko uwateye yaragerageje kwijira Westminster hama arakomeretsa bimwe bikomeye umupolisi atari afise inkoho, imbere yuko uyo mwicanyi araswa.

Gushika Ubu, umuhari w’iterabwoba Etat Islamique wamaze kwemanga ko wakoze ico gitero hafi y’Inama Nshingamateka y’Ubwongereza.

Uwakoze ico gitero mu Bwongereza yamenyekanye ko ari Khalid Masood

Umushikiranganji wa Mbere w’Ubwongereza Theresa May yavuze ko abapolisi b’Ubwongereza bariko bacungera umutekano” nk’uko vyahora”.

Ariko ni gute mu bindi bisagara bikomakomeye bariko bacungera umutekano?

I Berlin mu Budagi, hashizweho itegeko ryuko kugira winjire mu nyubakwa ya Reichstag ubanza kwiyandikisha hama ukerekana ibikuranga kuko ata nzitiro iyo nyubakwa ifise.

Ku murwa mukiuru w’inama Nshingamateka ya Buraya naho, I Bruxelles mu Bubirigi , naho kugira uhashika birasabwa ko werekana karangamuntu canke Passport hariko n’” nisuzumwa rikaze rikorerwa ku kibuga c’indege”.

Mu Bufaransa naho I Paris, ku Nama Nshingamateka y’Ubufaransa hari abapolisi bahacungereye bimwe bidasanzwe, ariko kugira ushike ku kirimba c’umukuru w’igihugu ntivyoroha..

Abantu barenaga 230 baramaze gupfa mu bitero vya gaterabwoba kuva muri Nzero 2015 mu Bufaransa, ariko nta numwe arigera atera inyubakwa za Politike z’I Paris nkuko vyabaye mu bwongereza.

I Washington DC naho muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ku mpande zose za Maison Blanche hari abahacunze bafise ibigwanisho bikomeye, ku buryo n’imiduga ibanza guhagarikwa.