Koreya Ya Ruguru Yigije Imbere Ivyo Kugerageza Missile.

0

Vyari vyitezwe ko Kuru yumusi itariki 15/04/2017 ariho Koreya ya Ruguru iza kugerageza ikigendajuru ca missile ca gatandatu, bigahurirana nuko bibuka umusi w’amavuko wa kim II Sung, yatanguje ico gihugu ca Koreya ya Ruguru, akaba ari nawe Sekuru wa Kim Jong Un atwara ico gihugu ca koreya ya Ruguru.

Nkuko amakuru ava muri Koreya y’Epfo abimenyesha, Koreya ya Ruguru ntiyahavuye ikora iryo geregezwa rya missile uyu musi wa gatandatatu bitumwe nuko igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika giheruka kwerekana ububasha budasanzqe bwa Gisirikare mu kurungika ubwato bwintambara mbere bushobora no gutwara indege z’intamabara hamwe n’ibikoresho vya Gisirikare bisambura missile muri ako gace ka Koreya, bikaba kandi vyatumwe nuko Ubushinwa bwafatiye Koreya ya Ruguru ibihano mu vyubutunzi.

Ikimissile ciyumvirwa ko gishobora kugenda ibilometero 8000 kandi kigashikira ubutaka bwa Amerika

Nkuko Voice of Amerika ibitangaza, Uwatorotse igihugu ca Koreya ya Ruguru akongera akaba n’uwihweza ibintu Ahn Chan-Il avuga ko “ Kim Jong Un, Umukuru w’igohugu ca Koreya ya Ruguru, yari yapanze kugwana na Leta Zunze Ubumwe Za Amerika, ariko akaba yahavuye aheba uyo mugambi”.

Umukuru w’igihugu ca Leta zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yari agize imisi amenyesha ko Koreya ya Ruguru ari “ ingorane” kandi ko iyo “ngorane izotorerwa umuti”. Ivyo akabivuga yizigiye ko Ubushinwa bwofashanya na Amerika guhagarika Koreya ya Ruguru. Trump akamenyesha ko naho Ubushinwa butofasha guhagarika Koreya ya Ruguru, Amerika ‘yovyifasha yonyene’.

Ibinyamakuru vya leta ya Koreya ya Ruguru bigize imisi bitangaza ko Trump yinjiye ‘mu nzira igoye’ inyuma yaho ategekeye ko haterwa amamissiles arenga 50 ku gihugu ca Syria. Amerika ikaba yamenyesheje ko ‘ukwihanganira’ Koreya Ya Ruguru vyaheze.

Naho Koreya ya Ruguru isa niyitashatse guhangana na Amerika, ni ugutenyenya gatoyi gusa nkuko abihweza ibintu babivuga, kuko Koreya ya Ruguru iracafise umugambi wo kurungika ikimissile gishobora kugenda 8000 km hama kigashikira ubutaka bwa Amerika( InterContinental Ballistic Missile, ICBM).