Inyuma y’abandi na Mouhamed Rukara nawe ngo yoba yakinjuye

0

Mouhamed Rukara umwe mu bategetsi batari barekuriwe kurenga imbibe z’Uburundi, uno musi yafashe indege mu Buryo butamenyerewe kandi n’igihugu agiyemwo kikaba kitaramenyekana.

14371374547_f7e3aaf423_c

Ivyo bibaye inyuma yaho ashikirije ko imbere y’amategeko abarundi bangana kandi atawarakwiye kugandagurwa, akanamenyesha ko amasezerano ya Arusha n’ibwirizwa shingiro bikwiye kwubahirizwa.

Uwo mutegetsi akaba yashitse ku kibuga c’indege nkuko amakuru dukesha urubuga Igihe abivuga ku mu rugendo rwiwe yafashe atarikumwe n’abamucungerera umutekano mu gihe bitari bimenyerewe.

Uwo mutegetsi nimba ahunze akaba abaye uwugira gatatu inyuma y’uwuhoze atwara inama nshingamateka hamwe n’icegera ca Kabiri c’umukuru w’igihugu bahungiye mu bubirigi basanzwe banafitiyemwo akabira nkuko Willy Nyamitwe avyemeza.