Inyuma ya 65 barungitswe mw’i buye, abakuru b’imigambwe nabo bagira batangure guhagarikwa

0

Mu nyuma y’ifungwa ry’abayoboke b’imigambwe bari muri ya myiyerekano yo ku musi wa gatanu igenekerezo rya 17 ndamukiza, n’abakuru bamwe bamwe b’iyo migambwe bagiye gutangura guhagarikwa.

buj-acd30

Zuguruzuguru mu banyamigambwe ishobora kuba igira itangure, ivyo bikaba bikomoka ku myiyerekano igize igihe ihamagarwa n’abatavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi. Muri iyo zuguruzuguru hakaba hashobora gutangura guhagarikwa bamwe mu bahamagarira abanya Bujumbura mw’ibarabara aribo Onesime Nduwimana yahoze ari umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD, Leonidas Hatungimana yahoze avugira umukuru w’igihugu hamwe na Leonce Ngendakumana, umukuru w’umugambwe FRODEBU akaba anarongoye urunani ADC Ikibiri.

Ivyo bikaba bigira bikorwe inyuma yaho abanyabujumbura bashika kuri 60 barungikiwe gufungirwa mu ntara ya Muramvya bahowe ko bari muri ya myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.

Ico gikorwa nyene carakoretse mu ntara ya Ngozi aho abahurikiye muri ADC ikibiri bagize imyiyerekano basaba ko umukuru w’Igihugu c’Uburundi atosubira kwitoza. Icatangaje nuko muri iyo ntara Igipolice cacungereye neza iyo myiyerekano mu gihe i Bujumbura baburabujwe bihagije.