Intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi yirukanywe muri Minusca

0

Major Budigi Nicolas yahora mu gihugu ca Centafrika mu gikorwa co kugarukana amahoro yirukanywe ,inyuma yo kwagirizwa ko yagize uruhara rukomeye mu guhagarika abagize imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.

Amakuru ava mu gisirikare c’Uburundi amenyesha ko Major Budigi Nicolas yashitse i Bujumbura avuye mu gihugu ca Centrafrique,kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 22 Ruhuhuma,umwaka wa 2017.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu Burundi yagiriza Major Budigi Nicolas ko yagize uruhara mu kubuza abariko bagira imyiyerekano mu mwaka wa 2015, ariko kandi akagirizwa ko yoba yaragize uruhara mu gikorwa co gusambura ama radiyo yigenga nka RPA.

Abatavuga rumwe na Reta bagiriza Major Budigi Nicolas ko ariwe yari arongoye abasirikare bagize ibitero mu ma quartiers ya Nyakabiga, bwiza na Jabe,inyuma y’ibitero vyabaye ku makambi y’abasirikare ku magenekerezo ya 11 na 12 Kigarama,umwaka wa 2015.

Imbere yuk aja mu gihugu ca Centafrique, Major Budigi Nicolas yahora ari umwe mu barongoye ikambi ijejwe gucungera inzego BSPI.