UBM News ads
Friday, December 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

International News : America iremeza ko ibifisemwo uruhare k’urupfu rw’umukuru wa Al Shabab

Leta zunze ubumwe za Amerika zemeje ko igisasu catewe muri Somalia, cahitanye umukuru w’umugwi wa ki Islam, Al Shabab.

alshabab

Urwandiko rwavuye mu bushikiranganji bwa Amerika bujejwe kwivuna abansi ruvuga ko urupfu rwa Ahmed Abdi Godane, rufise insiguro ikomeye.
Urwo rwandiko kandi ruvuga ko ari ugutakaza gukomeye ku bikorwa vya Al Shabab.

Ico gitero canagizemwo uruhara abasirikare kabuhariwe ba Amerika, cabereye mu bumanuko bwa Somalia kuwa mbere.
Al Shabab yari yemeje ko umukuru wayo yari mu rukurikirane rw’imiduga yatewe igisasu.

Al Shabab imaze imyaka irwanya leta ya Somalia, kandi ikaba yarateguye ibitero kw’isoko rya Westgate muri Kenya, ku murwa mukuru Nairobi.
Ico gitero cahitanye abantu bashika mirongo itandatu n’indwi.

Sources : BBC

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments