Intambara ya Gatatu y’Isi Yose? Ubushinwa Bugiye Kuja Hamwe N’Uburusiya na Amerika Mu kugwanya Koreya Ya Ruguru

0

Nk’uko Ikinyamakuru Internatiomal Business Times (IBT News) cabitangaje ejo ku musi wa gatatu itariki 15/03/2017,abategetsi bo ku rwego rwo hejuru b’ibihugu vy’Ubushinwa, Uburusiya na Amerika baravuze bose ko biyemeje kugabanya canke mbere guhagarika iterabwoba rikorwa n’igihugu ca Koreya ya Ruguru kubera Ibigwanisho ruhonyanganda.

Ariko rero ivyo bihugu bikomeye kw’isi uko ari bitatu, ntibirahuriza hamwe uko boshika kuri uwo mugambi. Umushikiranganji wa mbere w’ubushinwa Li keqiang yavuze ejo hahise ku wa gatatu ko impari ziganziye izinga rya Koreya zishobora gutera ” umuvurunganyo ukomeye” kwisi yose.

Li Keqiang yabandanije ati :”Ni ivyumvikana ko ata numwe ashaka kubona umuvurungano ku muryango wiwe…, rero ico twizeye nuko impande zose zegwa nico kibazo zizokorera hamwe kugira zihwamike iki kibazo, habe ibiganiro hama habe ugukorera hamwe kugira hatorwe umuti nyawo w’iki kibazo kidasanzwe’.

Li Keqiang, Umushikiranganji wa Mbere w’Ubushinwa

Umushikiranganji wa mbere w’Ubushinwa yahamagariye bagenziwe bo mu Burusiya na Amerika gusubira gutangura ibiganiro bihuza ama leta kugira barabe uko botera inyishu iterabwoba ry’ibigwanisho ruhonyanganda rya Koreya ya Ruguru, igihugu giheruka kumenyesha ko kiriko citegurira missile zikomeye ibirindiro vya gisirikare vya Amerika, koreya y’Epfo hamwe n’ivy’Ubuyapani mwako karere canke mbere missiles zishobora gushikira igisagara ca Londres mu Bwongereza na Amerika.

Ubushinwa bwobwo bwamenyesheje ko Amerika na Koreya Y’Epfo bohagarika imyimenyerezo ya Gisirikare bariko bakora kugira Koreya ya Ruguru ibone guhagarika ibikorwa vyayo vy’iterabwoba, ariko Leta Zunze Ubumwe za Amerika zaramiriye kure ivyo Ubushinwa bwashikirije, kandi n’ejo Li Keqiang akaba atabigarutseko mu vyo yavuze!

Uburusiya nabwo muri Raporo buherutse gushikiriza ONU, bwamenyesheje ko Umukuru w’igihugu c’Uburusiya Vladmir Putin yemeranya ijana kwijana n’ibihano vyafatiwe koreya ya Ruguru.

Nk’uko Donald Trump aherutse kubimenyesha ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Amerika yaratangaje ko igiye kwongereza ibigwanisho ruhonyanganda ikoresha gusumba ikindi gihugu ico arico cose kw’isi.

Ibiriko biraba nivyimirije kuba kuri ico kibazo ca Korerya ya Ruguru tuzobandanya tubashikiriza amakuru yuko biriko bigenda.