Kanyosha nimwe mu ma communnes ari mu buseruko bw’igisagara ca Bujumbura hasanzwe haba bamwe mu baririmvyi bitanga kugira umuzika ube akazi kabaha ijambo n’uburyo, niho hakorewe isanamu Satura ama bafle y’umuririnvyi Sat-B, akaba ari naho asanzwe aba. Studio African Sound Reacords isanzwe ari nayo imufasha mu bikorwa vyiwe vy’umuzika niyo yamukoreye iyo sanamu.
Kent-P arikwaraphata Sat-B, hirya no hino abanyagihugu n’abajejwe umutekano wiwe
Mu Gisywo aho ni kukibanza yakorewemwo, isinzi ryabantu bari bahishikiye kugira babe barasorera ijisho bongera baryoherwa nuwo muririmvyi basanzwe bakunda.
Bafashe akanya ko kwidagadura batera ukuguru n’ukuboko kuko umuziki warukwiye,icabonetse nukwo bari bagiye biteguye bikwiye kuko hari ama camera akwiye umuziki warukwiye womengo bari bagiye mu bukwe kuko bitwaje mixer hamwe na bafle nini,imoteur itanga umuyaga nkuba.
Twobamenyesha ko muriyo sanamu muzobona abanyagihugu batamba bimwe mu bisanzwe bituma Sat- B akunda kubana nabo, aho twobamenyesha ko yakorewe mu kibanza kimwe; Tubajije umuhinyanyuzi Kent-P ko amasanamu azokwira yatwishuye ko babigize babibona ko izoba irimwo n’amasanamu ya Primusic y’i Gitega.
Tukabibutsa ko Sat- B ataririnvye mu gice canyuma ca Primusic aho ubu arikwategura igiteramo c’agakura kizobera kuri MUSEE VIVANT kw’igenekerezo rya gatanu Gitugutu (Le 05 Octoble 2014)
Sources : Indundi
Recent Comments